Uko wahagera

Ubufaransa Bugiye Kuvana Abasirikare babwo muri Mali


Bamwe mu basirikare b'Ubufaransa muri Mali

Ubufaransa n’ishirahamwe rya Bulaya buzokura inteko muri Mali, ariko buzigumize mu ntara ya Sahel. Ubufaransa bufashe iyo ngingo inyuma y’imyaka icenda burungitse inteko zija gutuza no gukura ku butegetsi intagondwa za Kiislamu. Yamara Prezida Macron uyu musi ku wa kane yavuze ko igihugu ciwe kizogumiza inteko mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero bibanyi vya Mali.

Macron arega akagwi k’abasirikare bari ku butegetsi muri Mali ko bafashe minenegwe urugamba rwo gutuza intagondwa za Kiyislamu, ngo ari naco gituma Ubufaransa bufashe ingingo yo kuvanayo abasirikare babwo. Yavuze ko Ubufaransa budashobora gusimbura igihugu cikukiye mu bikorwa vyaco vyo gutuza umwansi. Ubufaransa bufise abasirikare 4300 mu ntara ya Sahel, muri bo 2440 bakaba bari muri Mali.

Macron yavuze ko igikorwa co gukura abasirikare b’Abafaransa muri Mali kizorangurwa mu buryo bwitondewe, Ubufaransa bufatanije n’igisirikare ca Mali. Ubufaransa buzotangura kwugara amakampi ya gisirikare ari mu buraruko bwa Mali, hanyuma igikorwa co gukurayo abasirikare bose kirangire mu mezi ari hagati y’ane n’atandatu.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya naryo nyene uyu musi ku wa kane ryatangaje ko ingabo ziri muri Mali zirongowe n’iryo shirahamwe zigiye gukurwa muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG