Ubufaransa bwatunganije inama nkuru ku gihugu ca Mali no ku mugambi waco wo kuvana inteko muri ico gihugu. Prezidanse y’Ubufaransa yatangaje ko iyo nama y’uyu musi ku wa gatatu ifise intumbero yo kwihweza uburyo bwo kugwanya intagondwa za Kiyislamu, muri iki gihe reta y’Ubufaransa iriko iravana inteko zayo muri Mali, ariko ikazigumiza mu ntara ya Sahel.
Iyo nama ibaye mu gihe uruhagarara hagati y’Ubufaransa na Mali, ibindi bihugu vya Afrika bibanyi vya Mali hamwe n’ibihugu vya Bulaya bikorana, rwiyongeye. Ishirahamwe rya Bulaya muri uku kwezi ryarafatiye ibihano abategetsi batanu bakomeye bo muri reta mfatakibanza ya Mali, barimwo umushikiranganji wa mbere Choguel Maiga. Bwabareze ko bariko baraburizamwo umugambi wo gusubiza ubutegetsi bwa gisirikare mu minwe y’abasivile.
Bitegekanijwe ko Prezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron abonana na bagenzi biwe b’Abanyafrika n’Abanyabulaya, bagafungura hamwe ku ngoro iwe. Ni imbere y’uko inama nkuru y’abakuru b’ibihugu bo mw’ishirahamwe rya Afrika no mw’ishirahamwe rya Bulaya, itangura, ejo ku musi wa kane, ikabandanya no ku musi wa gatanu, i Buruseri mu gihugu c’Ububirigi.
Inama y’uyu musi ku wa gatatu iraza kuvuga ku mugambi w’Ubufaransa wo gutahukana inteko zabwo, yongere yihweze n’uruhara rw’inteko mpuzamakungu mu gikorwa co kongera umutekano hamwe n’ibikorwa vy’ishirahamwe rya Bulaya vyo gutanga imyimenyerezo ya gisirikare. (AP)
Facebook Forum