Uko wahagera

Abasirikare 2 ba Mali Bishwe n'Intagondwa


Umusirikare wa Mali ari i Ndaki, kw'itariki ya 29/07/20219
Umusirikare wa Mali ari i Ndaki, kw'itariki ya 29/07/20219

Abasirikare babiri ba Mali bishwe mu gatondo ko kuri uyu w’Imana mu buraruko bw’igihugu, mu gitero ku kirindiro cabo. Igisirikare cegeka ico gitero ku barwanyi b’abajihadiste kandi kivuga ko mu babateye hishwemwo batanu.

Babaye abasirikare ba mbere ba Mali batangajwe ko bishwe kuva kw’itariki 5 z’ukwa mbere, aho hatangazwa batandatu bishwe mu mirwano yabaye mu mezi ya cumi na kumwe na cumi na kabiri.

Haruhande y’ivyo bitero, igisirikare ca Mali caremeje ko cishe abajihadiste baharurwa mu macumi congera gisambura n’amakambi yabo atari make kuva batanguje ibitero mu kwezi kwa cumi na kabiri.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG