Uko wahagera

Mali Isaba Abasirikare ba Danemarke Gutaha Badatevye


Abasirikare b'Ubufaransa bo mu nteko za Barkhanei Gao muri Mali
Abasirikare b'Ubufaransa bo mu nteko za Barkhanei Gao muri Mali

Reta y’abasirikare muri Mali kuri uyu wa mbere yasavye Danemarke gutahukana ubu nyene abasirikare bayo baheruka kurungikwa muri ico gihugu co mu karere ka Sahel.

Mw’itangazo ryaciye kuri Tereviziyo y’igihugu, ryongera rishirwa ku mbuga hwaniro, reta ya Mali yavuze ko abo basirikare barungitswe ata mwumvikano wahabaye.

Izo nteko za Danemarke zigizwe n’abasirikare hafi 90 bashitse muri Mali mu ntango z’uku kwezi, kwifatanya n’inteko zidasanzwe za Buraya ziriko zirafasha kurwanya imirwi y’iterabwoba. Izi nteko ziri i Menaka mu buseruko bwa Mali.

Ibindi bihugu vya Buraya bifise abasirikare muri Mali ni Ubuholande, Estoniya, Ubusuwede, Norvege, Ububirigi, Repubulika ya Cekoslovakiya, Portugal, Ubutaliyano na Hongiriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG