Uko wahagera

Abasirikare Bane b'Ubufaransa Bakomerekejwe n'Igisasu muri Burkina Faso


Abasirikare b'Ubufaransa bo mu murwi Barkhane mu gukizura mu mabarabara y'i Timbuktu, mu buraruko bwa Mali. Isanamu yafashwe itariki 5/12/2021
Abasirikare b'Ubufaransa bo mu murwi Barkhane mu gukizura mu mabarabara y'i Timbuktu, mu buraruko bwa Mali. Isanamu yafashwe itariki 5/12/2021

Igisirikare c’Ubufaransa catangaje ko abasirikare baco bane bakomerekejwe n’igisasu batezwe mw’ibarabara mu buraruko bwa Burkina Faso. Ibi igisirikare c'Ubufaransa cabibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ejo kuwa kabiri ku mugoroba.

Ico gisasu cabaturikiyeko bariko bava ku kibuga c’indege c’i Ouahigouya, nkuko igisirikare cabivuze kandi ngo abo basirikare bari mu nteko ziswe Barkhane ziri kurwanya abajihadiste mu karere ka Sahel.

Umwe muri abo basirikare ngo araremvye cane ku buryo yoba yaciye atwarwa vyihuta muri Mali canke Bufaransa kuvurirwayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG