Uko wahagera

Abasirikare 16 Ba Mali Baguye mu Gitero c'Iterabwoba


Umusirikare wa Mali ari i Ndaki, Mali, kw'itariki ya 29/07/2019.
Umusirikare wa Mali ari i Ndaki, Mali, kw'itariki ya 29/07/2019.

Abasirikare 16 bishwe abandi 10 barakomereka mu gitero cabereye hagati muri Mali kuri uyu wa gatatu. Abategetsi bajejwe umutekano hamwe n’abo mu gisata c’amagara y’abantu ni bo babitangaje.

Igisirikare ca Mali ubwa mbere cari cavuze ko hapfuye abasirikare batanu n’abandi umunani bakomeretse. Ariko, umutegetsi mu gisata c’amagara y’abantu akorera mu karere ko hagati muri Mali yavuze ko abapfuye biyongereye gushika kuri 16. Amakuru ava mu bajejwe umutekano, batashimye kwimenyekanisha, yemeje ico gitigiri caduze.

Mw’itangazo igisirikare ca Mali casohoye cavuze ko inteko zaco zasubije inyuma ico bise “igitero c’igisasu giturika kitari citezwe”.

Akarere ko hagati muri Mali karabaye urubuga rw’ibitero, aho ubwicanyi bushingiye ku moko hamwe n’ibitero ku basirikare ba reta vyabaye nk’imikino ya misi yose. Ugutega bombe mu mabarabara kwabaye umukenyuro w’abajihadiste muri iyo ntara.

Abasirikare bane ba Mali barishwe n’igisasu catezwe mw’ibarabara muri ako karere nyene kw’itariki ya 20 y’ukwezi kw’icenda. Abandi batanu baguye mu mutego w’abajihadiste kw’itariki 12 y’ukwezi kw’icenda hagati muri Mali. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG