Uko wahagera

Burkina Faso: Amakungu Ntiyemera Kudeta, Abenegihugu Barayishigikiye


Capitaine Sidsore Kader Ouedraogo, avugira umuhari Mouvement Patriotique pour la sauvegarde et la Restauration, atangaza ko igisirikare cafashe ubutegetsi
Capitaine Sidsore Kader Ouedraogo, avugira umuhari Mouvement Patriotique pour la sauvegarde et la Restauration, atangaza ko igisirikare cafashe ubutegetsi

Abanyagihugu bashigikiye akagwi k’abasirikare kafashe ubutegetsi muri Burkina Faso bakoze imyiyerekano kuri uyu wa kabiri. Nayo ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ubufaransa hamwe n’ibihugu bibanyi vyo mu karere ka Sahel bibandanya kunegura iyo kudeta.

Abasirikare barafunze Perezida Roch Marc Christian Kabore ku musi wa mbere, bamuhora ko yavyifashemwo nabi mu rugamba igihugu kirimwo n’abajihadiste.

Igihugu ubu kirongowe n’umuhari wiswe Mouvement Patriotique pour la Preservation et la Restauration, kw’isonga ryawo ni Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba.

Abantu baharurwa mu bihumbi bahuriye ku murwa mukuru Ouagadougou, n’amabendera y’igihugu berekana ko bashigikiye abasirikare bafashe ubutegetsi. Bamwe muri bo bari bafise amabendera ya Mali n’ay’Uburusiya, kugira berekane ko bifatanije n’abasirikare bari ku butegetsi muri Mali.

Ako kagwi k’abasirikare ejo kuwa mbere karafuse ibwirizwa shingiro, gahagarika reta hamwe n’inama nshingamateka, kongera kugara imbibe z’igihugu.

Kuri uyu wa kabiri, katangaje ko kuguruye uruja n’uruza mu kirere hamwe n’imbibe zo ku butaka ku modokari zitwara imfashanyo, iz’igisirikare hamwe n’izitwara ibintu vya nkenerwa.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze ko iyo kudeta itemewe, avuga kandi ko demokarasi ari yo ikwiye gutsimbatazwa.

Nawe perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yiyamirije iyo kudeta yongera asaba ko perezida yabogojwe arekurwa bidatevye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG