Uko wahagera

Burkina Faso: Prezida Roch Kabore Aracari mu Minwe y'Abasirikare


Ahakorera Radiyo na Tereviziyo vya Burkina Faso
Ahakorera Radiyo na Tereviziyo vya Burkina Faso

Prezida wa Burkina Faso, Roch Kabore apfunzwe n'abasirikare bagumutse mw'ikambi y'igisirikare. Abajejwe umutekano n’umutegetsi aserukira ishirahamwe ry’ugufashanya mu butunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, ni bo batangaje iyo nkuru uno musi ku wa mbere.

Ni inyuma yuko habaye ukurasana gukomeye hafi y’ingoro yiwe ku musi w’Imana mw’ijoro ku murwa mukuru, Ouagadougou. Ivyerekeye aho Prezida Kabore yoba ari hamwe n’uko yoba amerewe ntivyari bizwi mu gitondo c’uno musi ku wa mbere. Ni mu gihe amakuru atandukanye yatangajwe n’abajejwe umutekano hamwe n’abaserurkira ibihugu vyabo.

Imodoka zitari nke z’umukuru nw’igihugu zari hafi y’ingoro yiwe zari zuzuye ibitoboro vy’insoro. Imwe muri zo yari yuzuye amaraso. Ababa mu gice kirimwo ingoro ya Prezida Kabore batangaza ko bumvise amasasi akomeye yasana mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa mbere.

Abasirikare bagumutse basaba bafashwa kurushiriza mu rugamba rwabo rw’ukurwanya intagondwa z’abayislamu. Reta irahakana ko gisirikare cafashe ubutegetsi. Ambasade y’Ubufransa yahanuye abanyagihugu bayo bari muri Burkina Faso kuguma mu ngo zabo. Amashule y’Ubufransa muri ico gihugu yagumye yugaye uno musi kau wa mbere n’ejo ku musi wa kabiri.

Mu butumwa yashize ku rubuga Twitter, Prezida Rock Kabore, yatangaje ko igihugu ciwe kiri mu bihe bitoroshe. Amenyesha ko bategerezwa kubuganbunga demokrasi muri iki gihe. Atumira abafashe ibirwanisho kubishsira hasi ku nyungu z’igihugu. Atangaza ko bategerezwa gutorera inyishu ivyvo badahuriyeko biciye mu biganiro n’ukwumvirizanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG