Uko wahagera

Ubufaransa Bwagirizwa Kuba mu Mugambi wo Gucamwo Ibice Mali


Choguel Maiga, umushikiranganji wa mbere wa Mali, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bamako muri Mali
Choguel Maiga, umushikiranganji wa mbere wa Mali, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bamako muri Mali

Umushikiranganji wa mbere wa Mali kuri uyu wa mbere yagirije Ubufaransa kuba bwari bufise umugambi wo gucamwo Mali ibice mu bikorwa vya gisirikare burimwo muri ico gihugu co mu burengero bwa Afurika. Umushikiranganji wa mbere, Choguel Kokalla Maiga yabivugiye mu kiganiro n’abadipolomate mvamakungu ku murwa mukuru Bamako.

Yemeje ko igisirikare c’Ubufaransa cakoze ibihambaye kandi cafashije mu 2013 mu guhagarika imirwi y’iterabwoba yari yamaze gufata uburaruko bw’igihugu igira yerekeze mu bumanuko. Ariko yavuze ko mu nyuma Ubufaransa bwaciye buja muvyo gucamwo igihugu ibice.

Ubufaransa buza bwaramaze kuvuga ko buriko burihweza kazoza k’inteko zabwo muri ako karere mu kuganira n’abandi banyaburaya bafatanije. Hari inyuma y’aho Mali yirukaniye ambasaderi wabwo.

Mali yagirije kandi Ubufaransa kuba ari bwo bwakoresheje ishirahamwe CEDEAO mu gufata ibihano ruhasha bigeze aho bizingamika ico gihugu muvy’ubutunzi.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG