Uko wahagera

Impunzi Zisaba Kuvanwa muri Afurika y'Epfo


Impunzi z'abanyekongo, Abanya Rwanda, Abarundi bagandagaje ku biro vya HCR i cape Town, Afrika y'epfo, kw'itariki 08/10/2019.
Impunzi z'abanyekongo, Abanya Rwanda, Abarundi bagandagaje ku biro vya HCR i cape Town, Afrika y'epfo, kw'itariki 08/10/2019.

Perezida wa Afrika y’Epfo, Cyril Ramaphosa kuri uyu wa kane yasavye abanyagihugu arongoye kwihanganira impunzi hamwe n'abimukira. Ni inyuma y’ubwicanyi buhitiye bwakozwe n’abanka abanyamahanga.

Kuri uyu wa kane nyene, muri ico gihugu, impunzi zirenga 300 zari zigandagaje ku nyubakwa y’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryita ku mpunzi, HCR i cape Town, basaba gukurwa muri Afurika y'epfo, batinyira umutekano wabo.

Bahisemwo kuhaguma gushika HCR ibatunganirije kuri ayo makenga bafise.

Afurika y’epfo ihaye indaro impunzi n’abasaba ubuhungiro bababa 268,000, benshi bava muri Somaliya, Republika iharanira demokarasi ya Kongo na Etiyopiya, nkuko HCR ibivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG