Uko wahagera

Nijeriya Isaba Abayo Kutihora ku Nzankano muri Afrika y'Epfo


Umucanwa waturiwe hanze y'ishirahamwe ry'abanyafrika y'epfo i Abuja, muri Nijeriya, kw'itariki ya 4/09/2019
Umucanwa waturiwe hanze y'ishirahamwe ry'abanyafrika y'epfo i Abuja, muri Nijeriya, kw'itariki ya 4/09/2019

Mu gihe ubwicanyi n’urwanko vyigaragaje mu bice bimwe muri Afrika y’epfo, igihugu ca Nijeriya cahanuye abanyagihugu baco kutihora, naho amashirahamwe abiri akomeye y’abanyafrika y’epfo yahagaritse ibikorwa muri Nijeriya kubwo gutinya ibitero.

Umushikiranganji wa Nijeriya ajejwe kumenyeshamakuru yahamagariye abanyanijeriya kudatera amashirahamwe y’abanyafrika y’epfo akorera mur’ico gihugu, mu kwihora ibitero vyagabwe ku banyanijeriya muri Afrika y’epfo.

Igiporisi muri Afrika y’epfo cashikirije ko abantu bashika kuri batanu bishwe, abandi barenga 110 barahagarikwa mur’iyo migumuko yiyamiriza gukoresha abanyamahanga.

Perezida w'Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa yasavye abanyagihugu biwe guhagarika ibitero ku banyamahanga no ku matungo yabo.

Hagat’aho, Nijeriya yahambije u Rwanda, Malawi na Republika iharanira demokarasi ya Congo mu guhagarika kurungika intumwa zabo mu nama mpuzamakungu yahariwe ubutunzi bw’Afrika, yatanguye ejo kuwa gatatu i Cape Town, mu kugaragaza umubabaro kuvyabaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG