Uko wahagera

Nijeriya Iratahukana Abayo baba muri Afrukiya y'Epfo


Uwabomorewe iduka ry'ibirato ariko araraba ivyononekaye mu gace ka Germiston, mu buseruko bwa Johannesburg, Afurika y'Epfo, Kw'itariki 03/09/2019.

Abanyanijeriya b’abimukira bababa 200 baratahukanwe mu gihugu cabo bakuwe muri Afurika y’Epfo ejo ku musi wa gatatu, inyuma y’ubwicanyi n’urwanko ku banyamahanga bihitiye muri ico gihugu, ivyateye icuka kibi mu migenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Indege yarimwo Abanyanijeriya 189 yashitse ku murwa mukuru w’ubudandaji Lagos, bururuka baririmba indirimbo ihayagiza igihugu cabo n’amashusho y’amazu yabo y’ubudandaji yaturiwe muri Afurika y’Epfo.

Reta ya Nijeriya yashikirije ko Abanyagihugu bayo barenga 600 bitezwe gutahuka bava muri Afurika y’Epfo muri iyi ndwi, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe abanyagihugu baba mu mahanga, Abike Dabiri-Erewa.

Abantu bashika 10 ni bo bamenyekanye ko bishwe muri iyo migumuko, amaduka y’abimukira aharurwa mu majana arasamburwa, abantu barenga 420 barahagarikwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG