Uko wahagera

Afurika y'Epfo Irasaba Imbabazi ku Bwicanyi ku Bimukira


Jeff Radebe, umushikiranganji w'Afurika y'epfo ajejwe amasoko ntanganguvu, intuma ya perezida Ramaphosa ari mu rugendo rwa kidipolomasiya.
Jeff Radebe, umushikiranganji w'Afurika y'epfo ajejwe amasoko ntanganguvu, intuma ya perezida Ramaphosa ari mu rugendo rwa kidipolomasiya.

Intumwa ya Afurika y’Epfo yasavye imbabazi Nijeriya ku musi wa mbere, inyuma y’ibitero ku bimukira mu gisagara ca Johannesburg no mu micungararo yaho mu ndwi ziheze, ivyatumye haba icuka kibi muvya kidipolomasiya n’ibindi bihugu.

Umubonano na perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari ku murwa mukuru Abuja wari utumbereye gushikiriza ubutumwa bwa perezida Cyrial Ramaphosa ku migumuko ku bimukira yabaye muri Afurika y’epfo, nkuko vyashikirijwe n’intumwa yiwe idasanzwe, Jeff Radebe.

Abantu bashika 12 barishwe muri ubwo bwicanyi, amaduka aharurwa mu majana araturirwa.

Nta munyanijeriya yishwe nkuko abategetsi ba Afurika y’epfo bashikiriza, ariko ubwo bwicanyi bwariyamirijwe ku mugabane w’Afurika, ivyatumye imigenderanire hagati y’ivyo bihugu biza imbere mu butunzi muri Afurika itosekara.

Mu ndwi iheze, abanyenijeriya bashika 200 baratahukanwe i Lagos, ku murwa mukuru w’ubutunzi, inyuma y’ubwo bwicanyi, abandi bashika 400 bitezwe gutahuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG