Uko wahagera

Buhari muri Afurika y'Epfo, Inyuma y'Ubwicanyi ku Banyamahanga


Muhammadu Buhari
Muhammadu Buhari

Perezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari ari muri Afrika y’epfo mu rugendo rw’akazi, inyuma y’urwanko n’ubwicanyi ku banyamahanga bihitiye i Johannesburg, vyatosekaje imigenderanire hagati y’ivyo bihugu biza imbere y’ibindi muri Afrika muvy’ubutunzi.

Buhari hamwe na mugenzi we, Cyril Ramaphosa barabonana kuri uyu wa kane, mu biganiro bigamije gukomeza imigenderanire mu budandaji no kunagura imigenderanire ya politike.

Ariko ugukubagurwa n'ubwicanyi vyakorewe abanyamahanga barimwo abanyanijeriya muri Afrika y’Epfo biri no mu vyo abo bategetsi bazoganirako.

Uru rugendo rw’akazi rw’imisi itatu, ni rwo rugendo rwa mbere rukozwe n’umukuru w’igihugu ca Nijeriya muri Afrika y’epfo kuva mu mwaka wa 2013.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG