Uko wahagera

Ramaphosa Yemeza ko Abanyamahanga 10 Aribo Bishwe


Abantu barengana ahatuririwe imodokari z'abanyamahanga mu mabarabara i Johannesburg, ku musi wa mbere, itariki 2/09/2019
Abantu barengana ahatuririwe imodokari z'abanyamahanga mu mabarabara i Johannesburg, ku musi wa mbere, itariki 2/09/2019

Igihugu ca Afurika y’epfo caratanguye gutororokanya ibitigiri vy’abimukira bahitanwe n’ubwicanyi mur’iyi ndwi, aho kubw’abategetsi, abantu 10 bapfuye, hakomereka abatari bake, bivyura umutima w’ubwoba, ibikorwa vy’ubucuruzi birahungabana, ndetse bituma imigenderanire hagati y’ibihugu vy’Afurika itosekara.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo kuri uyu wa kane, perezida Cyril Ramaphosa yateye ivyatsi iyo migumuko yatanguye ku musi w’Imana, yatewe n’abanyafurika y’epfo bavuga ko abanyamahanga babatwaye ubuzi.

Ramaphosa yavuze ko babiri muri abo cumi bishwe ari abanyamahanga, ariko ntiyavuze amamuko yabo. Yavuze kandi ko abantu 423 bahagaritswe mu ntara yo mu buraruko bushira ubuseruko ya Gauteng, aho ibisagara vya Johannesburg n’umurwa mukuru Pretoria biri.

Muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, abantu baramenye amadirisha ya Consula ya Afurika y’epfo, bongera barabomora amazu yo kudandarizamwo mu gisagara ca Lubumbashi, bongera bagira imyiyerekano hanze y'ambasade y’ico gihugu ku murwa mukuru, Kinshasa, nkuko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG