Uko wahagera

Trump: Amerika Yahanuye Indege ya Drone ya Irani


Ikarata ya Irani yerekana ikigobe ca Hormuz
Ikarata ya Irani yerekana ikigobe ca Hormuz

Perezida Donald Trump ashikiriza ko ubwato bw’intambara bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bwasambuye indege yo mu bwoko bwa drone ya Irani itagira umudereva, avuga ko yari ibangamiye ubwo bwato hamwe n’abari muri bwo mu kigobe ca Hormuz ku musi wa kane.

Trump yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo drone yirengangije akamo yatewe ko kutegera ubwo bwato.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif yashikirije aho ari i New York ko ata makuru yuko igihugu ciwe catakaje indege ya drone azi.

Ariko Trump asaba amakungu kunegura yivuye inyuma ico yise “ukugerageza kwa Irani guhungabanya umutekano mu mazi hamwe n’urudandazwa mpuzamakungu."

Iraswa ry’iyo drone kuwa kane rije kwunyura icuka kibi gisanzwe hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika na Irani, bidacana uwaka, aho Irani yasubiye inyuma mu butunzi kubw’ibihano vy’Amerika hamwe no kwidohora kwa Amerika mu masezerano ya Nikleyeli ibihugu 6 rutura kw’isi vyasinye na Irani mu 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG