Uko wahagera

Amerika Ivuga ko Irani Yarenze Umurongo Utukura


Isanamu yerekana aho irani ihingurira ubumara bwa Nikleyeli hafi ya Arak, ku biromereta 250 uva ku murwa mukuru Teherani.
Isanamu yerekana aho irani ihingurira ubumara bwa Nikleyeli hafi ya Arak, ku biromereta 250 uva ku murwa mukuru Teherani.

Reta zunze z'Amerika zishikiriza ko zitazigera zemera ko Irani ihingura ikirwanisho ca Nkleyeli, inyuma y’aho Teherani itangarije ko yarengeje igipimo c’ubumara bwa uranium nk’uko biri mu masezerano mpuzamakungu yo muri 2015 abuza ico gihugu gukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House, vyatangaje ejo kuwa mbere ko Irani ikwiriye kwubahiriza ayo masezerano kandi ko Amerika izobandanya itera igitugu Irani gushika abategetsi bayo bahinduye ingendo.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Irani, Javad Zarif, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ISNA ryegamiye kuri reta yabo, ko Irani yarengeje igipimo c’ibiro 300, ivyo bikaba bivuga ko Irani itunze uranium ifise ubumara bugera kuri 3,67%.

Ni bwo bwa mbere Irani irenze ku masezerano yagiranye n’ibihugu 6 bikomeye kw'isi, birimwo Reta zunze ubumwe z’Amerika n’Umuryango wa Buraya, igihe ivyo bihugu vyemera gukuraho ibihano vyafatiye Teherani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG