Uko wahagera

Icuka Hagati ya Amerika na Irani Kibandanya Kuba Kibi


Prezida wa Amerika Donald Trump na mugenzi we wa Irani Hassan Rouhani
Prezida wa Amerika Donald Trump na mugenzi we wa Irani Hassan Rouhani

Ifatwa ku nkengera z’ikigobe ca Gibraltar ku musi wa gatatu w’iyi ndwi ry’ubwato bunini cane bw’igihugu ca Irani bwikekwa ko bwari butwaye utugunguru imiliyoni zibiri tw’ibitoro vy’ico gihugu vyongereje icuka kibi kiri hagati ya Irani na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abategetsi ba Irani bavuga ko ifatwa ry’ubwo bwato muri iyi ndwi ryakozwe n’inteko zidasanzwe z’Ubwongereza ryabaye ku mabwirizwa ya Amerika. Ubwo bwato buvugwa ko bwariko butera buja mu gihugu ca Siriya.

Abategetsi ba Irani bavuga ko ifatwa ry’ubwo bwato riciye kubiri n’amategeko. Yamara abategetsi b’Ubwongereza bo bavuga ko bariko bubahiriza ibihano umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi wafatiye Reta ya prezida w’igihugu ca Siriya, Bashar al-Assad.

Umuhanuzi mukuru wa Prezida wa Amerika, John Bolton yarihutiye kwakira neza ifatwa ry’ubwo bwato bw’igihugu ca Irani.

Mu butumwa bwiwe ku rubuga Twitter, Bolton yavuze ko ari inkuru ishimishije cane. Amenyesha ko ubwo bwato bwari butwaye ibitoro vy’igihugu ca Irani mu birenga ku bihano vy’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Yavuze ko Amerika n’ibihugu bicuditse bizobandanya gutuma abategetsi ba Irani na Siriya badakura inyungu mu budandaji butemewe n’amategeko.

Abategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya bariteze inyishu ya Irani mu bisa nuko iyo nyishu izokwibonekeza mu kigobe ca Hormuz. Irani iza yaragirijwe na Amerika ko yageramiye ubwato butari buke butwara ibitoro mu kigobe ca Hormuz.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG