Uko wahagera

Amerika na Irani Barashobora Gukozanyako?


Perezida w'Amerika Donald Trump.
Perezida w'Amerika Donald Trump.

Reta zunze ubumwe z’Amerika na Irani vyasa nuko bishobora gutana mu mitwe muvya gisirikare ejo kuwa kane inyuma y’aho indege y’Amerika yo mu bwoko bwa drone yari mw’igendereza ikororewe na Irani, ico perezida Donald Trump yise ko ari ikosha rikomeye ryakozwe na Irani.

Trump yemeza ko iyo ndege yari mu kirere mpuzamakungu ariko abajijwe ico Amerika igiye gukora yishuye abamenyeshamakuru ko bazovyibonera.

Kubwa Irani iyo ndege yariko iguruka mu buryo buteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu. Ambasade wa Irani muri ONU, Majid Ravanchi yashikirije ko iyo ndege itagira umudereva yari mu bikorwa vyo gusuma urusaku.

Abategetsi ba Amerika bashikirije ko ubwato butari buke bwaciye bwihuta gutora ibisigarira vy’iyo drone mu mazi mpuzamakungu.

Iyo drone yarashwe yari ifise agaciro k’imiliyoni zirenga 222 z’amadolari y’abanyamerika kandi yashobora kugenzura ikirere cababa ibirometero kwadrato 100,000 ku musi umwe gusa, ikirere kingana n’igihugu ca Koreya y’epfo.

Ubwoba bw’uko hashobora kwaduka intambara hagati y’Amerika na Irani bwatanguye kwongerekana kuva aho abategetsi b’Amerika mu ndwi iheze bagirije Irani kuba ariyo yateye ibisasu vya mine ku bwato bw’ibitoro mu kigobe ca Hormuz, ivyagiriji Teherani yahakanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG