Uko wahagera

Kuki Prezida Trump Yisubiyeko ku Gitero kuri Irani?


.
.

Abategetsi bajejwe umutekano muri Reta zunze ubumwe za Amerika ntaco bashatse kuvuga ku makuru avuga ko Prezida Donald Trump yategetse ibitero ku gihugu ca Irani ku musi wa kane mu nyuma yaho arisubirako ku mpamvu zitazwi.

Mu ntango Prezida Trump yari yarekuriye ibitero mu bibanza bimwe bimwe vyo muri Irani. Ayo makuru yatangajwe ubwa mbere n’ikinyamakuru, “The New York Times”.

Ikinyamakuru, “The Washington Post” n’ibindi mu nyuma yaho navyo nyene vyatangaje ko abategetsi ba Amerika bamenyesheje ko Prezida Trump yari yarekuriye ibitero vy’ukwishura ku gihugu ca Irani.

Muri ico gihe, itororokanirizo ry’amakuru ry’abongereza, “Reuters” vyatangaje ko Reta ya Irani yaritangarije ko yari yaronse ubutumwa bwa Prezida Trump abucishije ku gihugu ca Oman mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa gatanu. Ubwo butumwa bwagabisha igitero gishobora kuba umwanya uwo ari wo wose kuri Irani.

Indege ijejwe gusuma rusaku itagira umudereva ya Amerika yari hejuru y’ikigobe ca Hormuz igihe yaraswa na misile y’igihugu ca Irani. Ikintu Prezida Trump yavuze ko ari ikosa rikomeye cane.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, Javad Zarif yarashigikiye ingingo y’igihugu ciwe. Abategetsi ba Irani bavuga ko iyo ndege itagira umudereva yari hejuru y’ubutaka bw’ico gihugu.

Yamara ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere bavuga ko ivyatangajwe n’abategetsi ba Irani bitagira ishingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG