Uko wahagera

Inama ya ONU Ijejwe Umutekano Yasuye RDC Imbere y'Amatora


Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Mike Pompeo mu nama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano kw'isi ku cicaro ca ONU i New York, itariki 27/09/2018.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi igiye kugira urugendo muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo muri iyi ndwi. Urugendo ruje imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa cumi na kabiri, kandi mu gihe icuka hagati ya reta ya Kongo na ONU kitifashe neza kandi havugwa ko ayo matora ashobora kubamwo imidugararo n'ubwicanyi.

ONU yipfuza amatora aba mu mwidegemvyo, ataho ahengamiye kandi mu mahoro, Ivyo vyashikirijwe ejo kuwa gatatu na ambasaderi w’Ubudagi muri ONU, Karel Van Oosterom, kandi azoba ari muri izo ntumwa.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, rivuga ko urwo rugendo rutegekanwa gutangura kuri uyu wa kane rukazorangira kuwa mbere kandi bazoguma ku murwa mukuru Kinshasa.

Izo ntumwa z’inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano zipfuza kubonana na Perezida Joseph Kabila, umushikiranganji wiwe wa mbere, umurwi ujejwe amatora hamwe n’aberwa n’ibibera muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG