Uko wahagera

ONU Ifise Amakenga ku Matora muri Kongo


Joseph Kabila, Jean-Pierre Bemba, na Moïse Katumbi.
Joseph Kabila, Jean-Pierre Bemba, na Moïse Katumbi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagabishije kuri uyu wa kane ko Republika iharanira demokarasi ya Kongo ititeguye bikwiye kugira itunganye amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa cumi na kabiri, kandi mu gihe ata bihindutse, amatora atazoba yizigiwe na bose. Ivyo vyashikirijwe n’intumwa ya ONU, Leila Zerrougui mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano.

ONU ivuga ko igihugu ca Kongo kirangwamwo ihungabanwa ry’agateka ka muntu, hamwe n’abanyagihugu batagira umwidegemvyo, biza bihungabanya demokarasi.

Zerrougui yavuze ko ata kwizerana hagati y’impande ziharanira politike, kandi ko n’umutekano mu gihugu utifashe neza, cane cane mu bice bimwe bimwe mu buseruko bw’igihugu.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG