Uko wahagera

Kabila Yoba Agiye Gutangaza ko Atazokwitoza?


Perezida, Joseph Kabila wa RDC hamwe n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres baramukanya, igihe c'inama ya 71 ya ONU, New York, itarili 23/09/2017.

Perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo agiye mu bihe vya vuba gutangaza ingingo zihambaye ku gihugu ciwe. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa kane, n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, igihe yariko arasigura icatumye urugendo rwiwe muri RDC rwigizwa inyuma.

Guterres avuga ko abategetsi ba Kongo bamubwiye ko urugendo rwiwe rwasibijwe n’uko Perezida Kabila atipfuje gutangaza izo ngingo inyuma y’urugendo rwiwe kugira ntibiboneke ari amakungu yoba amutumye azitangaza.

Ku musi w’Imana, umuhanuzi wa Josepf Kabila muvy’imigenderanire n’amakungu, Kikaya Bin Karubi, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa ko urugendo rwa Guterres hamwe n’umukuru wa Komisiyo y’Ubumwe bw’Afrika muri Kongo rudakwiye kuba mu bihe igihugu kirimwo co kwitegurira amatora.

Izo ngingo hamwe n’igihe nyezina zizotangarizwa ntibiramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG