Uko wahagera

RDC: Ibiziga vy'Abakorana n'Abahinga ba ONU Bishwe muri Kasai Vyatowe


Ikarata y'intara ya Kasai, muri RDC

Ibiziga vy’abantu bane bagendana n’abahinga babiri ba ONU bishwe bariko baratohoza ku bwicanyi mu ntara ya Kasaï, hagati muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo vyaratowe kuri uyu wa mbere n’ubutunganwe bwa gisirikare, nkuko amakuru ava mu butegetsi abivuga.

Abo bahinga babiri bavuzwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU, ni umunyamerika Michael Sharp hamwe n’Umusuweda yamuka muri Chili, Zaida Catalan, banyurujwe kw’itariki ya 12 z’ukwezi kwa gatatu hamwe n’Abakongomani bane mu ntara ya Kasai.

Ibiziga vy’abo bahinga vyatowe inyuma y’indwi zibiri bazimiye, ariko kuva iyo tariki, abashoferi batatu b’amapikipiki hamwe n’uwabafasha gusobanura indimi nabo barabuzwe irengero.

Umushikirangaji wa Kongo ajejwe agateka kazina muntu, Marie-Ange Mushobekwa avuga ko abakora amatohoza ba reta aribo batoye ivyo biziga bine vy’abanyekongo.

Amakura ava mu butungane bw’igisirikare yavuze ko vyatowe mu kinogo rusangi mu mihana y’i Moyo Musuile ahatowe ibiziga vy’abahinga ba ONU kw’itariki ya 28 z’ukwezi kwa gatatu 2017.

Abategetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bemeza ko abo bahinga bishwe n’abakora iterabwoba bo mu muhari Kamuina Nsapu, binjiye mu bikorwa vyo kurwanya ubutegetsi inyuma y’aho umukuru wabo yiciwe mu gitero c’abasirikare mu kwezi kwa munani 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG