Uko wahagera

Antonio Guterres Ategekanya Kuzogendera RDC mu kwezi kw'Indwi


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres

Bitegekanijwe ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, agendera Republika iharanira demokrasi ya Kongo mu kwezi kw’indwi. Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa kane n’umuserukizi wiwe adasanzwe i Kinshasha, Leilla Zerrougui.

Yatangaje ko bariko barakora kugira Guterres ashobore kuza muri Kongo mu kwezi kw’indwi. Atangaza kw’ata bibazo bihari ku vyerekeye urugendo rwiwe muri ico gihugu.

Mu kwezi kwa kabiri, urwego rwa ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi rwarongereje umwaka ikiringo c’inteko zijejwe kwubahiriza umutekano muri Kongo. Ico izo nteko zizoshimikirako kurusha ibindi n’ugukingira abasivile n’ugufasha mu matora ategekanijwe kuba kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri z’uyu mwaka.

Ayo matora agenewe gutora uwuzosubirira Prezida Joseph Kabila, ikiringo ciwe ca kabiri ari naco ca nyuma carangiye kw’italiki 20 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2016.

Abategetsi ba Kongo baherutse kuvuga ko bipfuza ko inteko za ONU zijejwe kwubahiriza umutekano ziva muri Kongo mu mwaka w’i 2020 aho ziri kuva mu mwaka w’i 1999.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG