Uko wahagera

ONU n'Ubumwe Bavuga iki ku Matora muri RDC?


Perezida Joseph Kabila mu nama nshingamateka ya RDC.
Perezida Joseph Kabila mu nama nshingamateka ya RDC.

Inama zishinzwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’umuryango w’Ubumwe bw’Afrika kuri uyu wa kane zasavye ko hoba ibisikanya ku butegetsi mu mahoro inyuma y’amatora muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo muri uyu mwaka.

Ivyo vyashikirijwe, inyuma y’inama yahuje ku cicaro ca ONU i New York inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano hamwe n’igisata c’umuryango w’Ubumwe bw’Afrika kijejwe amahoro n’umutekano.

Mu masaha y’imbere y’iyo nama, Perezida Joseph Kabila yarashikirije ijambo abanyagihugu biwe, yemeza ko azokwubahiriza ibwirizwa shingiro ariko ntiyavuze nimba atazosubira kwitoza.

Ivyo bisata vya ONU n’Ubumwe bw’Afrika vyashikirije ko vyiteguriye gufatira ingingo umunyekongo wese azoburizamwo integuro y’amatora mur'ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG