Emmerson Mnangagwa aheruka gukurwa mu mabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu muri Zimbabwe yarahunze igihugu ariko yemera ko agiye kurwanya Perezida Robert Mugabe n’umutambukanyi wiwe Grace, avuga ko bigize utumana dutoya kandi bakorera inyungu ziwe.
Inyuma y’imisi ibiri akuwe mur’ayo mabanga, Mnangagwa yanuganugwa ko ariwe yari gusubirira umukuru w’igihugu. Yatangarije aho ari mu buhungiro ko umuryango wa Mugabe wihenda mu kwiyumvira ko ushobora kwigarurira igihugu.
Amenyesha kandi ko yahunze kuko yagizweko iterabwoba ariko ntavuga aho yahungiye.
Facebook Forum