Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu ca Zimbabwe, Grace Mugabe yasavye Prezida Mugabe, ubu afise imyaka mirongo icenda n'itatu, ko yogena we nyene uwuzomusubirira.
Ivyo Grace Mugabe, asanzwe ar’umuntu afise ivyipfuzo vyo kuyobora Igihugu, yabitangaje aho yari m’umuhari w’abakenyezi bari m’umugambwe uri k’ubutegetsi, ZANU-PF, I Harare, k’umurwa mukuru wa Zimbabwe.
Ikinyamakuru ZBC, gikorera aho muri Zimbabwe, catangaje ko uwo mutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu, yavuze ko Prezida Mugabe afise uburenganzira bwo kugana uwuzomusubirira mu mabanga yo kurongora Igihugu, kandi ko ijambo ryiwe atawurivuguruza.
Prezida Mugabe atwara Igihugu ca Zimbabwe kuva cikukiye m'umwaka w'igihumbi kimwe n'amajana icenda na mirongo umunani. Gushik’ubu akaba ataravuga uwushobora kuzomusubirira, no muri kino gihe umugambwe wiwe urangwamwo impari z’urutavanako, zawuciyemwo imirwi.
Facebook Forum