Uko wahagera

Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe kur'uyu wa gatandatu niho yatahuka mu gihugu ciwe avuye muri Singapour kwisuzumisha amaso nkuko vyashikirijwe na Televiziyo y’igihugu.

Mugabe yari yavuye mu gihugu kw’italiki y’umunani z’ukwezi kw’indwi, kwisuzumisha amaso mur'ico gihugu, aho yabagiwe ayo maso nyane haraheze imyaka itari mike.

Umugambwe wa Robert Mugabe, Zanu-PF, wari waciye usivya ikoraniro ryawo ryari ritegekanijwe kuwa gatanu, bikaba vyaciye bitera amakenga abanyagihugu bibaza iyo umukuru wabo yagiye.

Rubaye urugendo rwugira gatatu agize mur’ico gihugu kumvo z’amagara yiwe.

Amagara ya Mugabe yama yateye amakenga mu gihugu. Mwomenya ko m’ukwezi kwa gatatu abamenyeshamakuru babiri bigeze kuvuga ko amagara yiwe yifashe nabi bafunze amasaha atari make.

M’umwaka w’2015, Mugabe yaraguye hasi incuro zitari nke mu makoraniro y’abantu, bituma abanyagihugu bibaza ko atakibashije kurongora igihugu.

Mur’uyo mwaka nyene, yarasomye imbere y’inama nshingamateka ijambo risa n’iryo yari yarabasomeye ukwezi kumwe imbere y’aho atabizi.

M’umwaka w’2016, Reta yiwe yarabeshuje urukurukuru rw’uko yoba yapfuye, inyuma y’aho yari yagiye mu karuhuko k’umwaka muri Aziya.

Ariko naho bir’uko Mugabe ntarota, aja mu karuhuko k’ubusaza. Amenyesha ko ariwe mukandida mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2018 kandi yiyemeza ko azotwara gushika ashikanye imyaka 100 mugihe ubu afise imyaka 93.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG