Uko wahagera

Grace Mugabe Ararondera Umwanya wa Perezida muri Zimbabwe


Grace Mugabe ari kumwe na Perezida Robert Mugabe.
Grace Mugabe ari kumwe na Perezida Robert Mugabe.

Umutambukanyi wa Perezida Robert Mugabe, umukuru w’igihugu muri Zimbabwe yatangaje kur’uyu w’Imana ko yiteguye gusubirira umugabo wiwe ku butegetsi.

Grace Mugabe yagize ati: “Ng’iri jambo nshikirije Mugabe: Ukwiye kundeka nkagusubirira” yabivugiye imbere y’ibihumbi vy’abantu bari bakoraniye kuri Stade ku murwa mukuru Harare.

Perezida Mugabe kuwa gatandatu yavuze ko ashobora gukura mu mabanga y’icegera c’umukuru w’umugambwe ZANU PF uri ku butegetsi, Emmerson Mnangagwa, abonwa ko ashobora kumusubirira kandi akabera intambamyi umukenyezi w’umukuru w’igihugu.

Grace Mugabe, w’imyaka 52 y’amavuko yatangaje ko umugambwe uri ku butegetsi ugiye guhindura amategeko awugenga ushiremwo ko umukenyezi ashobora kuba icegera c'umukuru wawo.

Mugihe ivyo vyoba yoba aronse akaryo ko gusubirira Mnangagwa, akaba anaronse inzira yo gusubirira umugabo wiwe Mugabe w’imyaka 93 y’amavuko akaba n’umukuru w’igihugu wa mbere ashaje muri Afrika, amaze imyaka 37 arongoye ico igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG