Uko wahagera

Zimbabwe: Mugabe Yemeza ko Atari Uwupfa


Perezida Robert Mugabe wa Zimabwe ariko ahimbaza imyaka 93 y'amavuko n'umutambukanyi wiwe Grace Mugabe, i Bulawayo, 25 février 2017
Perezida Robert Mugabe wa Zimabwe ariko ahimbaza imyaka 93 y'amavuko n'umutambukanyi wiwe Grace Mugabe, i Bulawayo, 25 février 2017

Perezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe, ubu afise imyaka 93 y’amavuko, kur'uyu wa gatandatu yatangarije abafise amakenga ku magara yiwe inyuma y’ingendo zitari nke yagize mur’uyu mwaka muri Sengapour kwisuzumisha ko borema atariko arapfa.

Yagize ati: "Bavuga ngo perezida n’uwugenda. Ati ntaho ndiko ndaja. Abandi bati perezida n’uwupfa, ati sindiko ndapfa," ivyo yabivugiye imbere y’ibihumbi vy’abayoboke biwe mw’ikoraniro yakoresheje mu gisagara ciwe c’amavuko ca Chinhoyi.

Ivyo abivuze kandi inyuma y’aho umutambukanyi wiwe, Grace Mugabe, aheruka kuvuga ko yamuhanuye ngo agene uwuzomusubirira mugihe yova k’ubutegetsi.

Ni mugihe kandi umugambwe Zanu-PF wiwe ugiharira kuwosubirira Robert Mugabe, mugihe vyoshika ntabe akirongora igihugu.

Mugihe havugwa ibitari bike ku magara yiwe, Mugabe ntarota kandi aja mu karuhuko ko muzabukuru. Aheruka gushikiriza ko ariwe mukandida w’umugambwe wiwe mu matora yo mu mwaka w’2018, avuga ko yipfuza gutwara gushika ashikanye imyaka 100.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG