gahunda y'itangazamakuru
Iwanyu mu ntara
Mu Burasirazuba bwa Kongo haravugwa imirwano ikomeye ibera ahitwa mu Bwiza muri territoire ya Rutshuru. Umubiri wa Papa Benedicto wa 16 kuva kuri uyu wa mbere washitse muri Kiliziya nkuru ya Mutagatifu Petero I Roma. Abatuye mu nkam ya Lusenda muri Kongo, baravuga ko barangije Umwaka bari mu bukene.
Amakuru y'Akarere
Mu burasirazuba bwa Kongo imirwano ikaze yaba yahitanye abantu hafi 40, barimo abarwanyi ba M23, ingabo za FARDC n'abasivili. Uburusiya bwaraye burungitse utudege twa drones i Kiev. Reta ya Botswana yasohoye umutahe wo guhagarika Ian Khama yahoze ari umukuru w’igihugu. Imwagiriza gutunga intwaro.
Amakuru ku Mugoroba
Reta y'Uburundi yatangaje ko hari ikiza cya kolera Bujumbura. Mu burasirazuba bwa Kongo imirwano yaba yahitanye abantu hafi 40. Uburusiya bwaraye burungitse utudege twa drones i Kiev. Reta ya Botswana yasohoye umutahe wo guhagarika Ian Khama yahoze ari umukuru w’igihugu. Imwagiriza gutunga intwaro.