Igihangange c’umupira w’amaguru Pele yitavye Imana ku myaka 82. Amerika yafashe ingingo yo gupima Covid-19 abagira ingendo bose baturuka mu Bushinwa. Vatikano yatangaje ko Papa Benedigito yatoye mitende.
Iwanyu mu Ntara (1100-1130UTC): Ni ikiganiro c’umwihariko, gishimikira ku makuru avugwa mu ntara zitandukanye z’Uburundi n’u Rwanda, kidasize inyuma ayavugwa mu makambi yahungiyemwo impunzi z’Abarundi muri Afurika y’ibiyaga binini n’Afurika y’ubuseruko.
Mu kiganiro Murisanga, umwanya ni uwanyu. Ifurize abawe umwaka mushya muhire.
Mu Rwanda, bamwe mu batuye I Kigali bifuzaga kujya kwizihiza umunsi mukuru wa Bonane byabagoye kubona imodoka zibageza mu miryango yabo mu turere dutandukanye. Abasirikare b’abanyeritreya bavuye mu mijyi minini yo mu majyaruguru ya Etiyopiya nk’uko ababyiboneye babivuga.
Abasilikare b’Abanyeritreya Bavuye mu Mijyi yo mu Majyaruguru ya Etiyopiya. Prezida w'Ubushinwa Vuba Aragendera Uburusiya. Aung San San Suu Kyai yahoze ayoboye igihugu ca Myanmar yagiwe n'ivyaha vya ruswa, akaba yaciriwe gupfungwa imyaka 7.