Reta y’Ubumwe igihe gutangura mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika.
Igihe prezida Obama yariko atangaza igenwa rya Chuck Hagel na John Brennan, baragerageje guhumuriza abantu ku mpungene bashobora kuba bafise ku vyerekeye igenwa ryabo.
Cebello yaremeye kugwanira Revolusiyo ya Chavez igihe yarahira ejo ku musi wa gatandatu.
Ayo makuru mashasha atuma haba amazinda ku biganiro vy’amahoro bitegeoanijwe gutangura ku musi wa kabiri I Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon.
Ayo masezerano arimwo ivyuko Sudani yo mu bumanuko isubira gushorera ibitoro hanze biciye mu miringoti iri muri Sudani, yatangajwe ejo ku musi wa gatandatu mu biganiro mu gihugu ca Ethiopia.
Abagwanya ubutegetsi bafashe hafi y’icagatatu c’igihugu ca Centrafrique mu kiringo c’indwi zitatu zirangiye.
Iyo ndege yakorewe mu gihugu c’Uburusiya, TU-204, yari itahutse ivuye muri Republika y’Aba Czech igihe yariko igeregaza kwururukira ku kibuga c’indege ca Vnukovo. Inyuma yuko inyereye ikarengana inzira yayo, iyo ndege yaracitsemwo ibice.
Uwo mupfasoni w’imyaka mirongo ibiri n’itatu yapfiriye mu bitero vyo muri Singapour inyuma yuko agize ibikomere imbere mu mubiri no mu bwonko igihe yafatwa ku nguvu.
Mu nama yarekanywe kuri televiziyo ejeo ku musi wa kane, prezida Putin yatangaje kw’atabona iampamvu nimwe atoshobora gutera igukumu kuri iryo tegeko, akaba yamenyesheje kw’afise imigambi y’ukuriterako igikumu.
Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U riza ryarakuye abakozi baryo badakenewe cane muri Cnetrafrique kubera ubwicanyi bushobora kwaduka.
Prezida Obama aza kubonana uno musi ku wa gatanu n’abayobozi b’Abasenateri b’Abademokrate n’Abarepublika, Harry Reid na Mitch McConnell, Umukuru w’inama nshingamateka, John Boehner n’umuyobozi w’Abademokrate mu nama nshingamateka, Nancy Pelosi.
Abategetsi ba Afrika y’epfo bavuga ko azobandanya kwitabwaho ari I muhira iwe ahitwa Houghton ku nkengera z’igisagara ca Johannesburg, gushika akire neza.
Prezida Morsi yatangaje Reta n’abatavuga rumwe nayo bitegerezwa gukorana kugira bitumen igihugu ca Misiri gitorera inyishu ivyo yise ibibazo bikomeye cane vy’ubutunzi.
Umuvuguzi w’urunani rw’abagwanya ubutegetsi, Seleka, Colonel Narkoyo yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igifransa, ejo ku musi wa gatatu, umusi umwe inyuma yuko abagwanya ubutegetsi bafashe ikindi gisagara mu buraruko bw’igihugu ca Centrafrique
Muri ico gihe, abantu amajana n’amajana baritavye ejo ku musi wa kabiri imisa ya Noel y’ugusabira Mandela, ariko atora imitende inyuma y’ibibazo vyo mu mahaha.
Abaharanira Demokrasi n’agateka ka muntu batangaje kw’abagwanya ubutegetsi bwa Reta ya Syria bafashe ikibanza ca nyuma c’igisirikare ca Reta mu gisagara ca Herem mu gitondo c’ejo ku musi wa kabiri.
Papa Benedict yarasavye ejo ku musi wa kabiri kw’AbanyaSyria bogira amahoro, igihugu aho ingwano yishe abantu ibihumbi n’ibihumbi, benshi muribo abasivile.
Monti yabwiye abamenyeshamakuru ejo ku musi w’Imana ko hamwe hoba hari abanyepolitike boba bashigikiye imigambi yiwe,q bomusaba kuba umushikiranganji wa mbere, ngo muri ico gihe yovyiyumvira.
Ivyo bibanza birubahwa n’Aba Islamu batari bake yamara umurwi Ansar Dine ubona kw’ivyo bibanza bitukisha idini rya Islamu.
Abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu ku murwa mukuru Damas batangaje kw‘indege z’ingwano za Reta ya Syria zateye amabombe mu kibanza gikora imikate mu gisagara ca Halfaya mu ntara ya Hama ejo ku musi w’Imana
Voma ibindi