Uko wahagera

Sudani na Sudani yo mu Bumanuko Vyarumvikanye ku Vyerekeye Gushira mu Ngiro Amasezerano Akomeye Yashitsweko


Prezida wa Sudani,Omar al-Bashir na prezida wa Sudani yo mu Bumanuko, Salva Kiir Bahejeje Gutera Igikumu ku Masezerano.
Prezida wa Sudani,Omar al-Bashir na prezida wa Sudani yo mu Bumanuko, Salva Kiir Bahejeje Gutera Igikumu ku Masezerano.
Abahuza, bavuga abakuru b’ibihugu vya Sudani na Sudani yo mu bumanuko, bumvikanye, ku vyerekeye kwubahiriza ibirangamisi, ku bijanye n’ugushira mu ngiro amasezerano akomeye, ku vyerekeye umutekano, ibitoro n’imbibe, yahagaze mu kiringo kirenga amezi atatu.

Ayo masezerano, arimwo ivyuko Sudani yo mu bumanuko isubira gushorera ibitoro hanze, biciye mu miringoti iri muri Sudani, yatangajwe, ejo ku musi wa gatandatu, mu biganiro mu gihugu ca Ethiopia.

Ayo masezerano arimwo kandi gusubira kwugurura imbibe, ku vyerekeye ubudandaji, n’ugukura inteko, mu ntara ziri ku rubibe, zirimwo amatati, n’ugushiraho igipolisi, mu ntara ikomeye irimwo ibitoro ya Abyei.

Umuhuza w’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, Thabo Mbek,i yatangaje ko prezida w’igihugu ca Sudani, Omar al-Bashir, na prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, bumvikanye gufata ingingo, ku masezeranoa bashitseko, atakibanje gusabwa.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopia, Hailemarian Desalegn, yakiye ivyo biganiro, vyamaze imisi ibiri, mu gisagara ca Addis Abeba, yabwiye abamenyeshamakuru, ejo ku musi wa gatandatu, kw'ashimishwa cane, n’intambwe zashitsweko, muri ivyo biganiro
XS
SM
MD
LG