Uko wahagera

Prezida wa Misiri, Mohamed Morsi Yasavye Abatavuga Rumwe Nawe Kwifatanya Nawe mu Biganiro kuri Kazoza k’Igihugu ca Misiri


Prezida wa Misiri, Mohamed Morsi Ariko Atera Igikumu kw'Itegeko Rishira mu Ngiro Ibwirizwa Nshingiro Rishasha
Prezida wa Misiri, Mohamed Morsi Ariko Atera Igikumu kw'Itegeko Rishira mu Ngiro Ibwirizwa Nshingiro Rishasha
Ivyo pezida Morsi yabitangaje, inyuma yuko ateye igikumu kw’ibwirizwa nshingiro rishasha.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatatu, prezida Morsi yatangaje Reta n’abatavuga rumwe nayo bitegerezwa gukorana, kugira bitume igihugu ca Misiri gitorera inyishu ivyo yise, ibibazo bikomeye cane vy’ubutunzi.

Prezida Morsi yavuze ko yemera uruhara rwiwe, mu makosa yakozwe na Reta yiwe imaze amezi atandatu, mu kugerageza kunyarutsa ikiringo gishikana kuri demokrasi.

Abatavuga rumwe na Reta, baranebaguye prezida Morsi, kuba yarakomeje ububashaka bwiwe ata numwe agishije inama, mu kwezi guheze, kugira atume abamushigikiye bashobora rurangiza gutegaura ibwirizwa nshingiro, n’ugutuma ryemezwa, muri referendum, ridahinyujwe n’inzego z’ubutungane.

Urwego rujejwe amatora rw’igihugu ca Misiri, rwaratangaje kw’ivyavuye muri referendum, yabaye, ku musi wa kabiri, mu vyemeje kw’ibwirizwa nshingiro rishasha, vyemejwe n’ibice mirongo itandatu na bine kw’ijana vy’abatoye, mu ntango z’uku kwezi.

Prezida Morsi yateye,igikumu kuri iryo bwirizwa nshingiro, amasaha y’inyuma yaho.
XS
SM
MD
LG