Uko wahagera

Diosdado Cabello Acuditse na Prezida wa Venezuela, Hugo Chavez Yarasubiye Gutorwa Kuba Umukuru w’Inama Nshingamateka Muri Venezuela


Abashigikiye Prezida wa Venezuela, Hugo Chavez Bafise Ifoto Yiwe
Abashigikiye Prezida wa Venezuela, Hugo Chavez Bafise Ifoto Yiwe
Inama nshingamateka y’igihugu ca Venezuela, yasubiye gutora, Diosdado Cabello kuyobora urwo rwego. N’umuntu acuditse cane na prezida Hugo Chavez, akaba ashobora kuyobora igihugu, vy’agateganyo, hamwe Chavez yova ku butegetsi, canke hamwe yokwitaba Imana.

Cabello yaremeye kugwanira Revolusiyo ya Chavez, igihe yarahira, ejo ku musi wa gatandatu.

Abacuditse na prezida Chavez nibo bafise ibibanza vyinshi, mu nama nshingamateka, no mu bibanza vyose vy’ubuyobozi. Cabello ashobora kuba prezida, vy’agateganyo, gushika amatora mashasha abaye.

Prezida Chavez, ari mu gihugu ca Cuba, kwivuza cancer. Ntarasubira kuboneka hanze, mu kiringo kigera ku kwezi. Ubwoko bw’ukuri bwa cancer afis,e n’ukugene amaze ntibizwi.

Prezida Chaveze yasubiye gutorwa, kugira ayobore igihugu ca Venezuela, mu kwezi kw’icumi.

Icegera ca prezida, Nicholas Maduro, yatangaje ko, hamwe Chavez atoshobora kwitaba ibirori vy’ukurahira kwiwe, ku musi wa kane, imbere y’inama nshingamateka, yoshobora kurahizwa mu nyuma yaho na sentare nkuru.

Abayoboye abatavuga rumwe na Reta. bavuga kw’ukudashobora kurahira kwa prezida Chavez. kw’italiki isabwa n’ibwirizwa nshingiro. ya cumi y’uku kwezi kwa kabiri, vyoba bisigura ko atanze imihoho.

Bamwe mu bahinga mu vyerekeye amategeko, bavuga kw’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ca Venezuela rirekurira sentare nkuru, kurahiza prezida, idatanze italiki kanaka.
XS
SM
MD
LG