Uko wahagera

Intagondwa z’Aba Islamu Zarasambuye Ibindi Bibanza Vyubashwe mu Gisagara ca Tombuktu, muri Mali


Imisigiti yo mu Gisagara ca Tombuktu
Imisigiti yo mu Gisagara ca Tombuktu
Intagondwa z’Aba Islamu bariko barasambura ibindi bibanza vya kera vyubashwe, mu gisagara ca Tombuktu, mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

Ivyabona n’abategetsi bajejwe ivy’ingenzi, batangaje kw’abagwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Mali bo mu murwi, Ansar Dine, batanguye gusambura ivyo bibanza, vyashingurwamwo abantu ,ejo ku musi w’Imana.

Intagondwa z’Aba Islamu b’umurwi Ansar Dine, basambuye ibibanza bitari bike nkivyo, mu gisagara ca Tombuktu, mu kwezi kw’indwi, inyuma yuko ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U rijejwe indero ubumenyi n’imico, UNESCO, rishize igisagara ca Tombuktu ku rutonde rw’ibibanza bigeramiwe.

Ishirahamwe UNESCO ryashize ikibanza ca Tombuktu ku rutonde rw’ibibanza vy’iragi mu makungu, kubera imisigiti y’ico kibanza ya kera n’ibibanza vyubashwe bimwe muri vyo, vyatunganije kuva mu kinjana ca cumi na gatanu.

Ivyo bibanza birubahwa n’Aba Islamu batari bake, yamara umurwi Ansar Dine ubona kw’ivyo bibanza bitukisha idini rya Islamu.

Umurwi Ansar Dine, n’umwe mu mirwi y’intagondwa z’Aba Islamu, yafashe uburaruko bw’igihugu ca Mali, mu ntango z’uyu mwaka, inyuma yuko abasirikare b’igihugu ca Mali bagumutse, batembagaje Reta.
XS
SM
MD
LG