Uburundi Bushima ko Amakungu "Yongeye Kubwizera"

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu OMS ryaronkeje Reta y'Uburundi ingabire ingana n'ibihumbi amajana atandatu vy'amadolari y'Abanyamerika.

Ubumwe bwa Bulaya bwahagaritse imfashanyo bwaha Reta kuva mu ntango z’umwaka w’i 2016 buri mu batanze imfashanyo buyicisha mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS. Umushikiranganji Ndikumana yishimira kubona abafasha Uburundi basubiye kugirira icizere Reta arimwo.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’ishirahamwe OMS yari yatosekaye mu mezi aheze kuva aho hadukiye ikiza ca Corona muri ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka. Abaserukira ico gisata ca ONU citaho agateka ka zina muntu bavuga ko abategetsi bafata minenerwe ico kiza.

Hagati mu kwezi kwa gatanu, Uburundi bwirukanye abakozi bakuru ba OMS harimwo dogiteri Walter Kazadi Mulombo yariserukira muri ico gihugu. Kuva umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye atangarije ko Covid-19 ari umwansi wa mbere w’igihugu agatanguza isekeza ryo gupima abantu mu kivunga mu ntango z'ukwezi kw’indwi guheze, amashirahamwe mpuzamakungu atari make harimwo PNUD ryitaho iterambere kw’isi, OMS n’ayandi yiyemeje gushigikira Reta mu mugambi wayo wo gutuza umugera wa Corona.

Inkuru yateguwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Your browser doesn’t support HTML5

Mu Batanze Imfashanyo Harimwo Umuryango w'Ubumwe bwa Bulaya