Uko wahagera

Burundi: Leta Ntiyemera ko Malaliya Ari Ikiza


FILE - Mosquitoes live inside a stock cage in a mosquito laboratory at the London School of Hygiene and Tropical Medicine in London, on May 30, 2013. Researchers at the school discovered that malaria-infected mosquitoes are more attracted to human odors.
FILE - Mosquitoes live inside a stock cage in a mosquito laboratory at the London School of Hygiene and Tropical Medicine in London, on May 30, 2013. Researchers at the school discovered that malaria-infected mosquitoes are more attracted to human odors.

Bamwe mu bashingamateka basaba leta y'u Burundi gutangaza ko ingwara ya malaliya ubu ari ikiza. Abo bashingamateka babivuga bafatiye ku rugero iyo ngwara isigaye ifata abantu ikongera ikabica.

Leta isigura ko gushikubu itovuga ko malaliya ari ikiza.

Ariko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwemeza ko bwamaze gufata ingingo zo kuvura abantu nko mu gihe c'ikiza hamwe malaliya yobandanya iba nyinshi.

Imbere y’abashingamateka, umushikiranganji w’amagara y’abantu Josiane Nijimbere yavuze ko ibitigiri vy’abantu bagwara malaliya vyagabanutse ku rugero rw’ibice 20 kw’ijana kuva mu mpera z’umwaka uheze gushika mu ntango z’uku kwezi kwa kabiri.

Ariko muganga Nijimbere ntabitigiri yatanze vy’abafaswe n’iyo ngwara canke abo yahitanye murico kiringo. Ico bikora yemeje ko urwo rugero rutagabanutse ku rugero rushimishije.

Abashingamateka nka Agathon Rwasa icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka basanga Leta yarikwiye kwemanga ko ingwara ya malaliya ubu ari ikiza mu gihugu.

Gushikubu naho Leta itabitomora isa niyemera ko malaliya iri mu nzira yo guhinduka ikiza mu Burundi.

Abandi bashingamateka nabo nka Amedee Misagao bafise amakenga ku miti ikoreshwa mukuvura malaliya.

Mu mwaka w’i 2016, ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS ryemeza ko abantu imiliyoni zitandatu aribo bagwaye malaliya mu Burundi.

Iryo shirahamwe rivuga ko ibihumbi bitatu murabo yabahitanye.

Leta isigura ko ibi bitigiri ari indenzarugero. Ico bikora n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buremeza ko ku mwaka ku mwaka malaliya ariyo ngwara ya mbere ijana abantu benshi ku musego w’ibitaro n’amavuriro mu Burundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG