Uko wahagera

Umwaka Urarumanye Umumenyeshamakuru Khashoggi Agandaguwe


Khashoggi

Umuhungu w’umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi akomoka muri Arabiya Sawudite yagandaguwe mu mwaka uheze yiyamye abashaka kwivanga muri dosiye y’igandagurwa rya se avuga ko yizera ubutungane bw’igihugu ciwe.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Salah Khashoggi, aba muri Arabiya Sawudite yavuze ko atemeranya "n’abihisha inyuma ya dosiye ya se kugira bacafuze isura y’igihugu ciwe.”

Yanditse ati : "Umwaka uraheze dawe nakunda yitavye Imana. Kuva ico gihe, abatavuga rumwe na Reta, abansi b’igihugu canje b’abanyamahanga bakomeje kwivanga muri ino dosiye kugira bambike iceyi igihugu canje n’indongozi zaco.”

Jamal Khashoggi yahoze yegereye ubutegetsi muri Arabiya Sawudite mu nyuma aza guhindura aza aravuga bimwe mu vyo yabukema. Yagandaguwe igenekerezo rya kabiri ukwezi kwa cumi mu 2018.

Ikigo ca Amerika kijejwe iperereza hanze y’igihugu, CIA, cemeje ko yagandaguwe urw’agashinyaguro akataguwe ibihimba vyiwe vy’umubiri mu buserukizi bwa Arabiya Sawudite muri Turukiya . Ico kigo cegetse iryo gandagurwa ku butegetsi bwa Arabiya Sawudite.

Ubutegetsi muri Arabiya Sawudite bwakomeje guhakana uruhara bwoba bwaragize mw’igandagurwa rya Khashoggi, mu nyuma buheza bwivuguruza bwemanga ko yagandaguriwe muri ubwo buserukizi ariko abamugandaguye batarungitswe nabwo.

Ikinyamakuru co muri Amerika "The Washington" Post Jamal Khashoggi yakorera mu kwezi kwa kane uno mwaka cemeje ko ubutegetsi bwo muri Arabiya Sawudite bwaguriye amazu y’amahera menshi abana ba nyakwigendera kandi ko baronswa amahera atari make ku kwezi ku kwezi nk’igifuka munwa. Umuryango wamiriye yamara kure ayo makuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG