Uko wahagera

Arabiya Sawudite Yanse Kurungika muri Turukiya Abagirizwa Kwica Khashoggi


Umuhungu w'umwami wa Wrabiya Sawudite Salman mu kiganiro n'anbamenyeshamakuru, muri Arabiya Sawudite, italiki 19/11/2018

Umushikiranganji wa Arabiya sawudite ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yarahakanye kurungika muri Turukiya babiri bahoze ari abategetsi ba Arabiya sawudite bagirizwa kugira uruhara mw’igandagurwa ry’umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi mu kwezi kw’icumi.

Adel al-Jubeir yabwiye abamenyeshamakuru ku musi w’Imana i Riyad ati: "Ntidutanga abanyagihugu bacu".

Mu ndwi iheze, sentare muri Turukiya yarasohoye imitahe ku munye Arabiya sawudite al-Qahtani, yari umutegesi mukuru yegereye umuhungu w’umwami wa Arabiya Sawudite Mohammed bin Salman, hamwe n’uwahoze arongoye iperereza mu gihugu, Ahmad al-Assiri.

Abo bagabo babiri bari mu murwi w’abategetsi bakuwe mu mabanga, inyuma y’aho abategetsi ba Arabiya Sawudite bashikirije ko igandagurwa rya Khashoggi ryakozwe n’ibihemu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG