Uko wahagera

Trump: Inyungu z'Amerika Ziza Imbere y'Urupfu rwa Khashoggi


Perezida Donald Trump mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku ngoro ya White House i Washington, itariki 20/11/2018.
Perezida Donald Trump mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku ngoro ya White House i Washington, itariki 20/11/2018.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump amenyesha ko guhagarika imigenderanire na Arabiya Sawudite ryoba ari ikosa rikomeye, naho ico gihugu cagirizwa kwica umumenyeshamakuru yakorera muri Amerika ariko yamuka muri Arabiya Sawudite, Jamal Khashoggi.

Trump yabwiye abamenyeshamakuru ejo kuwa kabiri ko ico cose cagirizwa guhungabanya agateka ka muntu kitohabwa uburemere kuruta umutekano w’igihugu hamwe n’inyungu z’ubutunzi.

Ivyo yabishikirije inyuma y’aho ikigo CIA kijejwe iperereza hanze y’igihugu cemeje ko umuhungu w’umwami wa Arabiya Sawudite Mohammed bin Salman, ari we yoba yarategetse ubwo bwicanyi.

Bamwe mu bahoze barongoye ikigo CIA bashikiriza ko bateye kubiri n’ivyashikirijwe na Trump.

John Brennan yahoze arongoye ico kigo, kandi yamye atavuga rumwe na Trump yashikirije ko inama nshingamateka ariyo izofata ingingo y’ikizokorwa kuvyatohojwe ku rupfu rwa Khashoggi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG