Uko wahagera

USA Yiteze Gutangaza Ivyatohojwe kw'Iyicwa rya Jamal Khashoggi


Isanamu y'umuhisi Jamal Khashoggi imbere y'ibirori vyo kumwibuka.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump ashikiriza ko yabwiwe ibiri mu majwi yafashwe ku rupfu rw’umumenyeshamakuru w’umunya Arabiya Sawudite Jamal Khashoggi, yiciwe muri Consula ya Arabiya Sawudite i Istanbul mu kwezi guheze, ariko ngo ntiyipfuza kuvyumviriza kuko ari ubwicanyi buteye agahinda.

Trump yashikirije ku musi wa gatandatu ko reta yiwe ishobora gushira ahabona ivyatohojwe kuri urwo rupfu ejo ku musi wa kabiri.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwavuze ko butararangiza amatohoza, naho ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika vyavuze ko ikigo CIA kijejwe iperereza hanze y’igihugu cemeje ko umuhungu w’umwami wa Arabiya Sawudite Mohammed bin Salman, ari we yategetse ubwo bwicanyi.

Arabiya Sawudite yegetse urwo rupfu rwa Khashoggi ku bantu 11, batanu muri bo ico gihugu kivuga ko kizobacira urubanza rwo gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG