Uko wahagera

Arabiya Sawudite: Kwica Khashoggi Ryabaye "Ikosa Rikomeye Cane"

Umushikiranganji wa Arabiya Saudite ajejwe imigenderanire n'amakungu Adel al-Jubeir mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, harangiye inama y'Abarabu i Dhahran, itariki 15/04/2018.
Umushikiranganji wa Arabiya Saudite ajejwe imigenderanire n'amakungu Adel al-Jubeir mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, harangiye inama y'Abarabu i Dhahran, itariki 15/04/2018.

Igihugu ca Arabiya Sawudite kimenyesha ko cakoze ikosa rinini kandi rikomeye mu kwica umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi mu nyubakwa ya Konsila y’ico gihugu iri i Istanbul ku murwa mukuru wa Turukiya kandi cemeza ko ababikozi bazovyishura.

Mu kiganiro yahaye televiziyo Fox News yo muri Amerika, uwo mushikiranganji Adel al-Jubeir yatangaje ejo kuw’Imana ko abakozi b’ico gihugu bamwishe uwubarongoye atabizi kandi ko ari igikorwa c’ubunyamaswa.

Uwo mushikiranganji yarahojeje umuryango wa Khashoggi, ariko nta makuru y’ingene yishwe, n’aho ikiziga ciwe kiri canke nimba umuhungu w’umwami Mohammed bin Salman, yarabigizemwo uruhara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG