Uko wahagera

Pompeo muri Arabiya Sawudite ku Kibazo ca Jamal Khashoggi


Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Mike Pompeo yerekeza mu ndege mu rugendo kubonana n'umwami King Salman muri Arabiya Sawudite, itariki 15/10/2018.
Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Mike Pompeo yerekeza mu ndege mu rugendo kubonana n'umwami King Salman muri Arabiya Sawudite, itariki 15/10/2018.

Perezida Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika yarungitse sekreteri wa reta, Mike Pompeo i Riyadh muri Arabiya Sawudite kuvugana n’umuhungu w’umwami Salman ku rupfu rwa Jamal Khashoggi.

Igihugu ca Arabiya Saudi kiri mu myiteguro yo kwemera ko umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi gushika ubu atazwi irengero, yishwe; ivyo vyashikirijwe mu bimenyeshamakuru bitandukanye muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Ivyo bimenyeshamakuru bivuga ko vyatohoje amakuru avuga ko urupfu rwa Khashoggi rwavuye ku bibazo yabajijwe haba kutumvikana. Televiziyo CNN yashikirije ko abari inyuma y’ubwo bwicanyi bagira bamunyuruze bamukuye muri Consula ya Arabiya Sawudite i Istanbul bamutware muri Arabiya Sawudite kubarizwayo.

Ayo makuru avuga kandi ko reta ya Arabiya Sawudite yoba itegekanya kuvuga ko iyicwa ryiwe ryabaye ata mutegetsi abitegetse kandi ko ababikoze bazovyishura.

Perezida Trump yarungitse sekreteri wa reta Mike Pompeo i Riyadh kuvugana n’umuhungu w’umwami Salman kuri Khashoggi.

Haruhande y’ivyo, i Istanbul, igiporisi ca Turukiya caratanguye kurondera muri Consula ya Arabiya Sawudite.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG