Uko wahagera

USA: Sena Ikeneye Kumenya Vuba Ivyashikiye Jamal Khashoggi


Abanyagihugu berekana icapa ca Jamal Khashoggi mu myiyerekano yabereye kuri Ambasade ya Arabiya Sawudite i Washington, basaba kumenya aho umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi yagiye, itariki 10/10/2018.
Abanyagihugu berekana icapa ca Jamal Khashoggi mu myiyerekano yabereye kuri Ambasade ya Arabiya Sawudite i Washington, basaba kumenya aho umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi yagiye, itariki 10/10/2018.

Abasenateri ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bariko bararemera Perezida Donald Trump bamusaba gutohoza vyihutirwa kw’izimira ry’umumenyeshamakuru yamuka muri Arabiya Sawudite. Bagabisha ko bishobora kuvamwo gufatira ibihano abategetsi ba Arabiya Sawudite hamwe n’amashirahamwe kanaka.

Mu rwete bandikiye Trump ejo kuwa gatatu, bamusaba gutohoza ku vyashikiye umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi, yabuzwe irengero kuva acinjira muri Consula ya Arabiya Sawudite i Istanbul ku murwa mukuru wa Turukiya mu ndwi iheze.

Abasenateri bakeka ko Jamal Khashoggi yoba yazize gushikiriza amakuru y’ihungabanwa ry’agateka ka muntu muri Arabiya Sawudite.

Perezida Trump yahawe imisi 120 kuba yatanze raporo izokurikirwa n’ibihano mu gihe hari abokwagirwa.

Abategetsi ba Turukiya bemeza ko Khashoggi, yashikiriza amakuru atanezereza umuhungu w’umwami Salman, kandi ko yiciwe mur’iyo Consula kw’igenekerezo rya 2 z’ukwezi kwa cumi.

Arabiya Sawudite yavuze ko ivyo vyagiriji ata rufatiro bifise ariko nta vyemezo batanga vyerekanwa ko Khashoggi yasohotse consula ari muzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG