Amakungu yugaye imbibe zayo n’igihugu c'Ubwongereza bivuye ku bwoba bw'ubwoko bushasha bw’umugera wa Covid-19 bwandukira cane, bwiyadukije mu Bwongereza. Igihugu ca Ostraliya catangaje ko abanyagihugu baco 2 baje bavuye mu Bwongereza basanganywe ubwo bwoko bushasha bw’umugera wa Covid-19.
Ubuhindi, Polonye, Ubuswise, Uburusiya na Hong Kong na vyo vyatangaje ko Abongereza batemerewe kwinjira ku butaka bwavyo. Ni inyuma y’uko umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, agabishije ko ubwo bwoko bushasha bwa Corona bwandukira cane.
Ubuyapani na Koreya ya ruguru na vyo vyavuze ko biriko bikwirikiranira hafi ivyerekeye ubwo bwoko bushasha. Ibindi bihugu bitari bike vyamaze kwugara imbibe zavyo ku Bwongereza birimwo Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuholande, Autriche, Irlande, Ububiligi, Isirayeli na Canada.
Ukwiyadukiza kw’ubwoko bushasha bw’umugera wa Covid-19 amezi makeyi imbere y’uko vyari vyitezwe ko incadago ziboneka ku bantu benshi vyatumye haba ubwoba bushasha kuri ico kiza kimaze guhitana abantu bagera ku muliyoni n’ibihumbi 700 kw’isi n’abantu barenga 67,000 mu Bwongereza.
Facebook Forum