Uko wahagera

Ubwongereza Bwemeje Itangwa ry'Urucanco rwa COVID-19


Ubwongereza bwemeje itangwa ry'urucanco rwa COVID-19 rwakozwe na sosiyete nyamerika, Pfizer. Ubwongereza ni co gihugu kibaye ica mbere kw’isi yose cemeje itangwa ry’urwo rucanco ku bantu benshi. Ico gihugu kivuga ko vy'ibanze cabaye kirasaba inkingo zigera ku miriyoni 40.

Ikigo ca reta kijejwe kugenzura ivyerekeye imiti mu Bwongereza catanze uruhusha rwo gutangura gutanga urwo rucanco uno munsi ku wa gatatu, kivuga ko aba mbere bazocandarwa mu ndwi iza bazoba barimwo abakozi b’ico kigo nyene n’abakorera mu gisata c’ubuvuzi.

Ubwongereza butanze uruhusha rwo gutangura gukoresha urucanco rwo kurwanya ikiza c'umugera wa Corona inyuma yaho Sosiyete, Pfizer, yarukoze itangarije haraheze iminsi ko urucanco rwayo rushobora gukinga umugera wa Corona ku bice birenga 90%. Uru rucanco rwakozwe na sosiyete nyamerika Pfizer ifatikanije n’iyo mu Budagi BioNTech.

Umukuru wa Sosiyete Pfizer ari we Albert Bourla yiginye ukwihutisha gutanga urwo rucanco mu Bwonegereza avuga ko ari intsinzi ikomeye mu rugamba rwo guhangana n'ikiza ca Covid-19, kimaze guhitana abarenga umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana ane, kikandukira abababa imiriyoni 64 kw’isi yose.

Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya nawo muri rusangi urategekanya ko bitarenze mu kwezi kwa cumi na kabiri woba wamaze gutangura gutanga urwo rucanco rwa Pfizer n’urundi rwakozwe na Sosiyete Moderna nayo nyene ikorera aha muri Amerika. Ayo masosiyete uko ari abiri aza yarasavye uruhusha rwo gutangura gutanga incanco zayo ku butaka bwa Amerika. Ata gihindutse, aronse izo mpusha incanco zayo zishobora gutangura gutangwa hagati muri uku kwezi kwa cumi na kabiri.

Amerika twibutse ko ikiri imbere mu bwandu n’imfu zituruka ku kiza ca Covid-19: Ibiharuro bitangwa na kaminuza ya Johns Hopkins ikora amatohoza ikanatanga amakuru y’iki kiza ku mwanya ku mwanya vyerekana ko abamaze guhitanwa n'umugera wa Corona muri Amerika gusa barenga ibihumbi 270, mu gihe abayanduye baharurwa mu miliyoni zirenga 17 n’amajana atatu. Indembe ziri mu bitaro gushika ino saha zirenga ibihumbi 98 n’amajana atandatu. Ni ubwa mbere ibiharuro vy'indembe ziri mu bitaro biduze kugera ngaho kuva Amerika yinjiranwa n’uyu mugera nkuko kaminuza ya Johns Hopkins ifise icicaro aha muri Amerika ibandanya ibisigura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG