Uko wahagera

Abandura Covid-19 Babandanya Kwiyongera mu Bihugu Bitandukanye


Margaret Keenan, umutamakazi w'imyaka 90 yabaye uwa mbere yatewe urucanco rwa Covid-19 mu Bwongereza
Margaret Keenan, umutamakazi w'imyaka 90 yabaye uwa mbere yatewe urucanco rwa Covid-19 mu Bwongereza

Mu gihe ibihugu bitandukanye bibandanya kwemeza urucanco rwa Covid-19, ibiharuro vy’abandura n’abahitanwa n’iki kiza vyaduze cane hirya n'ino kw'isi. Muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, abarenga ibihumbi 25 baranduye mu munsi umwe mu ndwi iheze muri Reta ya Califoniya.

Kaminuza ya Johns Hopkins itanga amakuru ya Covi-19 ku mwanya ku mwanya ivuga ko Ubwongereza bukiri imbere mu bwandu ku mugabane wa Buraya. Yamara, Ubutariyano bushobora kubusubirira bivanye n'ibiharuro vyongeye kuduga cane muri ico gihugu.

Ubudagi bwo bwategetse ko guhera kw’igenekerezo rya 16 uku kwezi kugera ku rya 10 ukwezi kwa mbere igihugu cose gisubira muri gahunda ya guma mu rugo bivuye ku bitigiri vyaduze cane.

Hagati aho, ejo ku wa mbere vyitezwe ko urucanco rwa Corona rutangura gutangwa mu ma reta atandukanye ya Amerika. Muri rusangi kw’isi yose abamaze kwandura Virusi ya Corona barenga miriyoni 71, abo imaze guhitana nabo bakagera ku muriyoni n’ibihumbi amajana atandatu.

Amerika ni yo iri imbere mu bwandu: abamaze kwandura barenga imiriyoni 16 mu gihe abo iyi virusi imaze guhitana bababa ibihumbi amajana atatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG